IBISABISHO VY'ITAZIRA
N'ININAHAZAMANA
BIVUGWA MU GITONDO NO
KU MUGOROBA.
Kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa,
Nyenimbabazi ku batoni bayo.
{alif laam miim * ni zimwe mu ndome z'ururimi
rw'icarabu, imana allah yatanguje bimwe mu bisomwa
vya qor'ani, kugira ihige n'abarabu bari basanzwe
bakoresha izo ndome, ko boshobora kuzana aayah
n'imwe isa mu mvugo na qor'ani , birabananira. ico
gica kiba igitangaro cemeza ko qor'ani ari igitabu
c'imana allah * ico gitabu ca qor’ani, nta makenga
kirimwo kuko camanuwe n’imana allah. ni uburongozi
ku bagamburukiramana * abemera ibinyegejwe
ibiremwa , bagatsimbataza amasengesho akwije
ibisabwa ku mwanya wayo nk’uko bitegetswe,
bagatanga ishikanwa-bwirizwa (zakat) n’izindi
mperezwa (sadaka) mu vyo imana allah yabahaye *
n’abemera ivyo wahishuriwe muri qor’ani ewe ntumwa
y’imana, bakanemera n’ivyahishuriwe izindi ntumwa zo
5
hambere yawe, bakemera ata gukekeranya ibizoba mu
buzima bw’inyuma yo gupfa * abo barangwa n’ivyo, ni
bo bari mu nzira y’uburongozi bw’imana yabo rurema
allah. abo ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu
buzima bw’inyuma yo gupfa} (al-baqara: 1-5).
{allah, ni yo mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa
atari yo, nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye,
umuhagarikizi w’ibiremwa yikwije muri vyose.
ntihunikira (ntihunyiza) eka ntinasinzira. ni yo rugaba
igaba ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri
hagati yavyo. nta n’umwe yokwubahuka kuvugira
uwundi imbere yayo, kiretse ku burenganzira buvuye
kuri yo. ni yo izi bikwiye inkuru z’ibiremwa vyose,
kahise, kubu na kazoza kavyo. nta n’umwe ashoboye
kumenya na kimwe mu bumenyi bwayo kiretse ivyo yo
yonyene ishatse ko amenya. ubuvyagiro bw’ibirenge
vyayo bukwiriye amajuru n’isi, kandi ntibiyiruhije
kubungabunga amajuru n’isi. ni na yo rero
6
nyenicubahirogisumbavyose, nyenicubahiro-ntangere.}
(aayatu l-kursiyyu, al-baqara: 255).
{intumwa y’imana (nyakugira amahoro n’impuhwe
z’imana allah) yaremeye iranizigira ivyo yahishuriwe
n’imana yayo rurema allah muri qor’ani, eka
n’abemeramana baravyemeye baranabishira mu ngiro;
umwe wese muri bo yaremeye imana allah,
abamalayika bayo, ibitabu vyayo n’intumwa zayo zose,
baraheza bavuga bati: “ntituvangura n’imwe mu
kwemera intumwa zayo”. barongeye baravuga hamwe
n’intumwa bati: “twumvise kandi twumviye imana allah,
turasavye rero imbabazi n’ikigongwe cawe, mana yacu
rurema! ni no kuri wewe rero tuzosubira kugira
uduhembere ivyo twakoze. imana allah ntitegeka
umuntu ibirimwo amananiza, imutegeka ivyoroshe
ashoboye gushira mu ngiro bitewe n’impuhwe imufitiye.
umwe wese rero azohemberwa ivyiza yarondeye,
ahanirwe ibibi yarondeye. mana yacu rurema allah!
ntuduhane mu gihe twibagiye gukora ibitegetswe, mu
gihe dukoze ibibujijwe, canke mu gihe dukosheje
bitewe no kutamenya. mana yacu rurema allah!
ntuduhe itegeko ririmwo amananiza nk’uko wategetse
ab’aho hambere yacu ku kubahana. mana yacu rurema
allah! ntuturemeke amabwirizwa tudashoboye gushira
mu ngiro, duhanagurire ivyaha vyacu, tugumirize
akabanga ku vyaha vyacu maze ntubiduhanire,
wongere utugirire impuhwe n’ubugwaneza. ni wewe
umuhagarikizi n’umutabazi wacu, dushoboze rero
gutsinda abantu b’abagarariji * imana allah ntitegeka
umuntu ibirimwo amananiza, imutegeka ivyoroshe
ashoboye gushira mu ngiro bitewe n’impuhwe imufitiye.
umwe wese rero azohemberwa ivyiza yarondeye,
ahanirwe ibibi yarondeye. mana yacu rurema allah!
ntuduhane mu gihe twibagiye gukora ibitegetswe, mu
gihe dukoze ibibujijwe, canke mu gihe dukosheje
bitewe no kutamenya. mana yacu rurema allah!
ntuduhe itegeko ririmwo amananiza nk’uko wategetse
ab’aho hambere yacu ku kubahana. mana yacu rurema
7
8
allah! ntuturemeke amabwirizwa tudashoboye gushira
mu ngiro, duhanagurire ivyaha vyacu, tugumirize
akabanga ku vyaha vyacu maze ntubiduhanire,
wongere utugirire impuhwe n’ubugwaneza. ni wewe
umuhagarikizi n’umutabazi wacu, dushoboze rero
gutsinda abantu b’abagarariji}. (al-baqara: 285-286).
{haa miim * ni zimwe mu ndome z'ururimi rw'icarabu,
imana allah yatanguje bimwe mu bisomwa vya qor'ani
kugira ihige n'abarabu bari basanzwe bakoresha izo
ndome, ko boshobora kuzana aayah n'imwe isa mu
mvugo na qor'ani, birabananira. ico gica kiba igitangaro
cemeza ko qor'ani ari igitabu c'imana allah * ihishurwa
ry’iki gitabu ca qor’ani, ryavuye ku mana allah,
nyenintsinzi-mutaneshwa, intungane mu vyo ikora *
ibabarira ivyaha vy’abanyavyaha, ikakira n’ukwigaya
kw’abigaya; igahana igahasha abubahutse gukora
ivyaha hanyuma ntibigaye, nyenimpano ku baja bayo
bayumvira, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari
yo, ni kuri yo rero ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi
w’iharurirwa, kugira ihembe kimwe cose ku rugero
rw’ibigikwiye.} (ghaafir: 1-3).
{ni yo mana allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa
vy'ukuri atari yo. irazi ibinyegeje n’ibiboneka, ni yo
nyenimpuhwe ku biremwa vyose, nyenimbabazi ku
batoni bayo * ni yo mana allah, nta yindi mana ibwirijwe
gusengwa atari yo. ni yo mwami, nyenubutagatifu,
semahoro, nyenugutekanisha, uwiganje, nyenintsinzi
mutaneshwa , ntahangarwa, nyenukwishima.
ukuninahazwa, ni ukw’imana allah mu buryo burengeye
cane ivyo bayitiranya bayibangikanya * ni yo mana
allah, rurema, nyenugutunganya ibiremwa nk’uko
yabitegekanije; rutunganyandemo, yahaye ishusho
ibiremwa vyose. ifise amazina meza cane
n’amatazirano ayiranga. ibiri mu majuru no kw’isi vyose,
birayininahaza; ni na yo rero nyenintsinzi-mutaneshwa,
intungane mu vyo ikora”. (al-hashr: 22-24).
{ntumwa y’imana! vuga uti: “imana allah, ni imwe
rudende mu bumana bwayo, mu bushobozi bwo
kurema no mu mazina n’amatazirano yayo. imana
allah, ni yo nyenugutumberwa muri vyose. ntiyavyaye
kandi ntiyavyawe, eka ntigira n’umugore. kandi ntigira
ikiremwa na kimwe bisa canke bisusa, haba mu mazina
n’amatazirano yayo, haba no mu bushobozi bwayo.}
{ntumwa y’imana! vuga uti: “ndikinze ku mana allah,
umuremyi w’igitondo; inkingire inabi y’ivyo yaremye
vyose; n’inabi y’ijoro iyo ryijimye; n’inabi y’abarozikazi
bahuha mu mapfundo mu kuroga; n’inabi
y’umunyeshari iyo asharitse}
{ntumwa y’imana! vuga uti: “ndikinze ku mubungabunzi
w’abantu bose; umwami mugabe w’abantu, yikenuye;
imana nyene gusengwa n’abantu, ata yindi mana ikwiye
gusengwa atari yo; inkingire inabi ya shetani itera
amazinda kenshi iyo umuntu agoswe, ikanyegera iyo
aninahaje imana allah; itera amazinda n’amakenga mu
mitima y’abantu, ikabosha gukora ibibi no kureka
ibitegetswe;
ikomoka
n’ubw’abantu.}
mu
bwoko
bw’amajini
Soma igisomwa kimwekimwe cose incuro zitatu.
“a’uudhu bikalimaati llaahi ttaammaati min sharri maa
khalaqa”. “ndikinze nkoresheje amajambo atunganye
y’imana allah (atagabanijweko), ankingire inabi y’ivyo
yaremye”.
(Incuro zitatu).
“bismi llaahi lladhii laa yadwurru ma-'a smihii shay-un fi
l-ardwi walaa fi ssamaa-i wahuwa ssamii’u l-’aliim”.
“kw’izina ry’imana allah, yo ahavuzwe izina ryayo ata
gishikirwa n’inabi kw’isi canke mw’ijuru. kandi iyo mana
allah, ni nyenukwumva, nyenubumenyikurivyose”.
(Incuro zitatu).
“radwiitu
billaahi
rabban,
wabil-islaami
diinan,
wabimuhammadin swalla llaahu 'alyhi wasallama
nabiyyan”. “ndashimishwa n’uko allah ari yo mana
yanje rurema, n’uko ubwislamu ari ryo dini ryanje, n’uko
muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’imana
allah) ari yo ntumwa yanje”.
(Incuro zitatu)
“asw-bahnaa wa-asw-bahal-mulku lillaahi wal-hamdu
lillaah, laa ilaaha illa llaahu wahdahuu laa shariika lahu,
lahu l-mulku walahu l-hamdu wahuwa 'alaa kulli shay-in
qadiir. rabbi as-aluka khayra maa fii haadha l-yawmi
wakhayra maa ba-'dahu, wa-a'uudhu bika min sharri
maa fii haadha l-yawmi wamin sharri maa ba-'dahu,
rabbi a-'uudhu bika mina l-kasali wal-harami wasuu-i l
kibar, wa-auudhu bika min 'adhaabi nnaari wa'adhaabi
l-
qabri”. “twaramutse, n’ubwami bwaramutse ari
ubw’imana allah, nihashimagizwe imana allah, nta
mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari imana allah
yonyene itabangikanywa, ni na yo mushoboravyose.
mana yanje rurema allah! ndagusavye ivyiza vy’ibiri
muri uwu musi, n’ivyiza vy’ibiri mu wukurikira,
ndanakwikinzeko (unkingire) ibibi vy’ibiri muri uwu musi,
n’ibibi vy’ibiri mu wukurikira. mana yanje rurema allah!
ndakwikinzeko undinde ubunebwe hamwe n'ugusaza
nabi.
mana yanje rurema allah! ndakwikinzeko
(unkingire) uguhanwa mu muriro n’uguhanwa mu mva”.
13
Ku mugoroba naho avuga ati:
“AMSAYNAA WA-AMSA L-MULKU LILLAAHI
WAL-HAMDU LILLAAHI», LAA ILAAHA ILLA
LLAAHU WAHDAHUU LAA SHARIIKA LAHU,
LAHU L-MULKU WALAHU L-HAMDU WAHUWA
'ALAA KULLI SHAY-IN QADIIR. RABBI AS-ALUKA
KHAYRA MAA FII HAADHIHI LLAYLATI
WAKHAYRA MAA BA-'DAHAA, WA-A'UUDHU
BIKA MIN SHARRI MAA FII HAADHIHI LLAYLATI
WAMIN SHARRI MAA BA-'DAHAA, RABBI A
'UUDHU BIKA MINA L-KASALI WAL-HARAMI
WASUU-I L-KIBAR, WA-AUUDHU BIKA MIN
'ADHAABI
NNAARI
WA'ADHAABI-L-QABRI”.
“Twiriwe, n’ubwami bwiriwe ari ubw’Imana Allah,
nihashimagizwe Imana Allah, nta mana y’ukuri
ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah Yonyene
Itabangikanywa. Ubwami n’ishimagizwa ni ivyayo,
ni na Yo Mushoboravyose. Mana yanje Rurema
14
Allah! Ndagusavye ivyiza vy’ibiri muri iri joro,
n’ivyiza vy’ibiri mu rikurikira, ndanakwikinzeko
Undinde ibibi vy’ibiri muri iri joro, n’ibibi vy’ibiri mu
rikurikira. Mana yanje Rurema Allah! Ndakwikinzeko
Undinde ubunebwe hamwe n'ugusaza nabi. Mana
yanje Rurema Allah! Ndakwikinzeko (Undnde)
uguhanwa mu muriro n’uguhanwa mu mva”.
Akongera akavuga ati:Mana yanje Rurema Allah!
Ndagusavye Umpe ivyiza biri muri rino joro...*****”
“allaahumma bika asw-bahnaa wabika amsaynaa
wabika namuutu wa-ilayka n-nushuur”. “mana yanje
nzima! ni ku bwawe twaramutse, ni no ku bwawe
duhava twirirwa, kandi ni ku bwawe tubayeho ni no ku
bwawe dupfa, kandi ni iwawe tuzokwegeranirizwa”.
akongera akavuga ku mugoroba kandi ati:
15
"allaahumma bika amsaynaa wabika asw-bahnaa
wabika namuutu wabika nahyaa wailayka l-maswiir"
“mana yanje nzima! ni ku bwawe twiriwe, ni no ku
bwawe tuzoramuka; kandi ni ku bwawe dupfa ni no ku
bwawe duheza tukabaho, kandi iherezo ryacu ni
iwawe”.
“allaahumma maa asw-baha bii min ni-'matin aw bi
ahadin min khalqika, famin-ka wahdaka laa shariika
laka, falaka l-hamdu walaka s-shukru”. “mana yanje
nzima! ivyo naramukanye mu nema zawe canke ivyo
umwe wese mu biremwa vyawe yazindukanye, vyose
bituruka kuri wewe wenyene gusa ata n’umwe
mubangikanije. kubera ivyo rero, ishimagizwa no
gushimwa ni ivyawe”.
Akavuga ku mugoroba naho ati:
16
“allaahumma maa amsaa bii min ni-'matin aw bi
ahadin min khalqika, famin-ka wahdaka laa shariika
laka, falaka l-hamdu walaka sshukru” “mana yanje
nzima! ivyo nirirwanye mu nema zawe canke ivyo
umwe wese mu biremwa vyawe yirirwanye, vyose
bituruka kuri wewe wenyene gusa ata n’umwe
mubangikanije. kubera ivyo rero, ishimagizwa no
gushimwa ni ivyawe”.
“allaahumma innii asw-bahtu fii ni-'matin wa-'aafiyatin
wasitri, fa-atimm ni-'mataka 'alayya wa-'aafiyataka
wasitraka fii ddun-yaa wal-aakhirah”. “mana yanje
nzima! mu vy'ukuri naramutse ndi mu nema, ndoraniwe
mu magara yanje, ngumirijwe akabanga. ndagusavye
rero ko woshishikara kumpa inema zawe, ukuroranirwa
mu magara yanje hamwe no kugumirizwa akabanga
mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa”.
17
(Incuro zitatu).
Akavuga ku mugoroba naho ati:
“allaahumma innii amsaytu fii ni-'matin wa-'aafiyatin
wasitrin, fa-atim ni-'mataka 'alayya wa-'aafiyataka
wasitraka fii ddun-yaa wal-aakhirah”. “mana yanje
nzima! mu vy'ukuri niriwe ndi mu nema, ndoraniwe mu
amagara yanje, ngumirijwe akabanga. ndagusavye rero
ko woshishikara kumpa inema zawe, ukuroranirwa mu
magara yanje hamwe no kugumirizwa akabanga mu
buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa”. *****
“allaahumma innii a'uudhu bika mina l-hammi wal
huzni, wa a'uudhu bika mina l-'ajzi wal-kasal, wa
a'uudhu bika mina l-jubni wal-bukhl, wa-a'uudhu bika
18
min ghalabati ddayni wamin qahri rrijaal”. “mana yanje
nzima! jewe mu vy’ukuri ndakwikinzeko unkingire
akabonge
(agahinda),
ukwicwa
n’intuntu.
ndakwikinzeko kandi undinde ukunanirwa (kurangura
ico nshoboye), ukunebwa. vyongeye, ndanakwikinzeko
unkingire ugutekerwa n’ubwoba n'ukuba ingumyi.
bitayeko ndanakwikinzeko unkingire ukwugarizwa
nkaremerwa n'umwenda (ukunanirwa kuriha ingurane),
n’ugucinyizwa n’abagabo (n’ukugenderwako)”.
“allaahumma innii as-aluka l-'aafiyata fi ddun-yaa wal
aakhirah, allaahumma innii as-aluka l-'afwa wal
'aafiyata fii diinii wadun-yaaya wa-ahlii wamaalii,
allaahumma stur 'awraatii wa-aamin raw-'aatii,
allaahumma hfadhw-nii min bayni yadayya wamin
khalfii wa-'an yamiinii wa-'an shimaalii wamin fawqii, wa
a-'uudhu bi-'adhwamatika an ugh-taala min ta-htii”.
“mana yanje nzima! mu vy’ukuri ndagusavye
kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo
19
gupfa. mana yanje nzima! mu vy’ukuri ndagusavye
imbabazi no kuroranirwa mw’idini ryanje, mu buzima
bwanje bwo kw’isi, mu muryango wanje no mu matungo
yanje. mana yanje nzima! mbikira akabanga ku kuntu
mbayeho, untekanye ku mushaha (hagize igituma
mpungabana). mana yanje nzima! mbungabungira
imbere yanje, inyuma yanje, iburyo bwanje, ibubamfu
bwanje no hejuru yanje. kandi ndikinze ku
budahangarwa bwawe sinterwe musi yanje ngo mirwe
n’isi”.
“allaahumma an-ta rabbii laa ilaaha illaa an-ta,
khalaqtanii wa-anaa 'abduka, wa-anaa 'alaa 'ah-dika
wawa-'dika ma statwa-'tu, a-'uudhu bika min sharri maa
swana-'tu, abuu-u laka bini-'matika 'alayya, wa-abuu-u
bidhambii, fagh-fir lii, fa-innahuu laa yagh-firu d
dhunuuba illaa an-ta” “mana yanje nzima! wewe ni we
mana yanje rurema, nta mana y’ukuri ibwirijwe
gusengwa vy’ukuri atari wewe. warandemye na jewe
20
ndi umuja wawe, kandi ndi kw’isango ryawe n’isezerano
ryawe uko nshoboye. ndakwikinzeko unkingire ingaruka
mbi y’ivyo nakoze, ndemanze imbere yawe inema zawe
ndimwo, ndireze kandi ndicujije imbere yawe ivyaha
vyanje
kugira
ngo
umbabarire.
ntawubabarira ivyaha atari wewe”.
mu
vy’ukuri,
“allaahumma faatwira ssamaawaati wal-ardwi, aalima
l-ghaybi
was-shahaadati,
rabba
kulli
shay-in
wamaliikahu, ash-hadu al- laa ilaaha illaa an-ta, a
’uudhu bika min sharri nafsii wamin sharri s-shaytwaani
washirkihi, wa-an aq-tarifa 'alaa nafsii suu-an aw
ajurrahu
ilaa
muslim”.
“mana
yanje
nzima!
rutanguzandemo w’amajuru n’isi! rumenyi w’ibinyegeje
n’ibiboneka! mana rurema w’ikintu ico ari co cose na
rugaba waco! ndemeye ku mutima wanje ndavyatuye
n’ururimi rwanje nemanga ko ata mana y’ukuri ibwirijwe
gusengwa atari wewe, ndakwikinzeko unkingire inabi
y’umushaha wanje, inabi ya shetani n’imitego yayo,
21
unkingire kwikwegerako inabi canke kuyikwegerako
umwislamu”.
“allaahumma innii asw-bah-tu ush-hiduka, wa-ush-hidu
hamalata 'ar-shika, wamalaa-ikataka, wa-ambiyaa-aka,
wajamii-'a khal-qika, bi-annaka an-ta llaahu laa ilaaha
illaa
an-ta,
wa-anna
muhammadan 'abduka
warasuuluka” “mana yanje nzima! mu vy’ukuri
naramutse ndakugize icabona, ndanagize ivyabona
abamalayika bareruye ubuhangamo bwawe, n’abandi
bamalayika
bawe,
n'abavugishwamana
bawe,
n’ibiremwa vyawe vyose, ko wewe mu vy’ukuri ari
wewe mana allah, ata yindi mana y’ukuri ibwirijwe
gusengwa atari wewe wenyene, n’uko muhamadi ari
umuja akaba n’intumwa yawe”.
Akavuga ku mugoroba naho ati:
“allaahumma innii amsaytu ush-hiduka, wa-ush-hidu
hamalata 'ar-shika, wamalaa-ikataka, wa-ambiyaa-aka,
wajamii-’a khal-qika, bi-annaka an-ta llaahu laa ilaaha
illaa
an-ta,
wa-anna
muhammadan 'abduka
warasuuluka”, “mana yanje nzima! mu vy’ukuri niriwe,
ndakugize icabona, ndanagize ivyabona abamalayika
bareruye ubuhangamo bwawe, n’abandi bamalayika
bawe, n'abavugishwamana bawe, n’ibiremwa vyawe
vyose, ko wewe mu vy’ukuri ari wewe mana allah, ata
yindi mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari wewe
wenyene, n’uko muhamadi ari umuja akaba n’intumwa
yawe”.
(incuro zine) mu gitondo no ku mugoroba.
“laa ilaaha illa llaahu wahdahuu laa shariika lahu, lahu
l-mulku walahu l-hamdu, wahuwa 'alaa kulli shay-in
qadiir”. “nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari
imana allah yonyene itabangikanywa, ubwami
n’ugushimagizwa ni ivyayo, ni na yo mushoboravyose”.
23
(Incuro ijana) mu gitondo canke ku mugoroba.
“hasbiya llaahu laa ilaaha illaa huwa, 'alayhi
tawakkaltu, wahuwa rabbu l-'arshi l-'adhwiim"”. “iyikwiye
kunkingira ni imana allah, nta yindi mana y’ukuri
ibwirijwe gusengwa atari yo, ni yo nishimikije mu
kuyizera, ni na yo mana rurema yaremye ubuhangamo
buhambaye”.
(Incuro indwi).
“hasbiya llaahu wakafaa, sami-'a llaahu liman da-'aa,
laysa waraa-a llaahi marmaa”. “iyikwiye kunkingira ni
imana allah kandi irabikwiye. imana allah yamaze
kwumva uwuyisaba, nta hangiro rindi ryoza rihambaye
mu nyuma y'ihangiro rigana ku mana allah”.
“sub-haana
llaahi
“ininahazwa
wabihamdih”.
n’ishimagizwa ni ivy’imana allah”.
(Incuro ijana) mu gitondo canke ku mugoroba,
canke muri ivyo bihe vyompi.
“as-tagh-firu llaaha wa-atuubu ilayhi”. “ndasavye imana
allah imbabarire, kandi ndigaye ku vyaha vyanje”.
(Incuro ijana).
Ibi bisabisho, ni vyo vyanyoroheye kwandika,
nkaba nsavye Imana Allah ko vyogira akamaro.
Vyanditswe na Muhamadi Al-Swaalih Al
Uthaymiin kw'igenekerezo rya 20, mu kwezi kwa
umwaka wa 1418 kuva Intumwa yimutse.
25