
Kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku
biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo
Qor'ani ntagatifu, ni iki?
Qor'ani ntagatifu, ni amajambo y'Imana Allah, Umubungabunzi Rurema w'ibiremwa vyose, Yayimanuriye
Uwahetuye Abavugishwamana n'Intumwa, Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah);
kugira imenyeshe ibiremwa ihangiro ry'iremwa ryavyo, ibirongore ku bikorwa birimwo imvo
z'uguhimbarwa kwavyo mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, iheze ibirokore mu magorwa
yamaho mu nyuma yo gupfa. Qor'ani ntagatifu rero, ni co Gitabu camanuwe mu nyuma mu Bitabu
vyamanuwe n'Imana Allah, kugira ishimangire ukuri kuri muri vyo, yongere isubirize amabwirizwa yavyo
mugushinga ayandi.
Qor'ani ntagatifu rero, ni icemezo kikaba n'igitangaro kizokwamaho. Ni n'icemezo c'ubutumwa
bw'Intumwa y'Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), Imana Allah Yahigishije
abantu n'Amajini, Ibisaba ko vyozana amajambo ameze nkayo, n'aho coba ari igisomwa kimwe gusa,
biraheza birananirwa.
Qor'ani ntirigera ikomwakomwa ngo ivogerwe n'iminwe y'abahindagura amajambo; ntibirashika aho iyo
minwe yohindura na kimwe muri ico Gitabu kuva aho kimanuriwe, haraciye ikiringo kirenga ibinjana 14
(imyaka irenga igihumbi n'amajana ane irangiye) , kira noneho kizoguma kibungwabunzwe
(gicungerewe) mu rurimi rw'icarabu camanuwemwo, aho Imana Allah ari Yo Yonyene Yishinze
kugicungera ngo ntikivogerwe n'abagihindagura gushika ku musi w'iherezo.
Qor'ani ntagatifu, ni ryo tegeko rya mbere soko ry'ubwislamu, ikaba n'Igitabu c'amabwirizwa ngenderwako
yisungwa mu gutunganya ubuzima bwa kiremwa-muntu, mu bihe vyose n'aho ari ho hose. Irarikira
abantu kwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose mu kuyisenga itabangikanijwe n'ikintu na kimwe,
kuko ari Yo Yonyene Rurema. Irongera igatomorera kiremwa-muntu ico cose akeneye kumenya ku
vyerekeye Imana Rurema Allah, hamwe n'idini ry'ukuri nya kiremwa gitegerezwa gukurikira; iranatomora
intango y'iremwa ry'isi n'ijuru n'ibiri muri vyo, n'iremwa ry'umuntu. Iranavuga ku vyerekeye ibinyegejwe
ibiremwa, muri kahise no muri kazoza, ku vyerekeye kahise n'amateka y'Abavugishwamana (ba
nyakugira amahoro y'Imana Allah), ukuntu Imana Allah Yabateye ingoga bakanesha abansi babo, nya
bansi bagahona; harimwo amategeko ngenderwako ku bijanye no gutunganya amasengesho n'umubano
mwiza mu bantu, ku bijanye n'amasezerano abantu bagiriranira hagati yabo, mu gutunganya ivyerekeye
ubuzima bwa misiyose, ku bijanye no gutsimbataza inyifato n'ingeso nziza hamwe no kwihaniza mu
kwamirira kure inyifato n'ingeso mbi mu bantu; iranerekana iherezo ry'ibiremwa mu buzima bw'inyuma yo
gupfa, ko rizoba hamwe ari mu Bwami bw'ijuru bwagenewe abemeramana, ahandi naho rikaba ari mu
muriro udahera wagenewe abagenzwa n'akarenganyo kw'isi hamwe n'abagarariji.
Mukwerekana rero akamaro gahambaye k'iki Gitabu Imana Allah Yamanuye mu rurimi rw'icarabu,
Igategeka ko gishikirizwa ibiremwa vyose; musomyi muhire w'ikirundi! Turahimbawe no kugushikiriza ,
insiguro ya Qor'ani ntagatifu mu rurimi rwawe, kugira woroherwe kugitahura, maze ushobore na we
gushikiriza abandi ivyo watahuyemwo. Ni ukuri umugwi wagiteguye, nta ko utagize mu kwita ku rutare
kugira utahure insobanuro ya Qor'ani uheze uyisigure mu kirundi , maze urabishikako, n'aho bizwi ko
urugero rwose umuntu yogezako mu gusigura neza, atoshobora guhetura ata kanenge insiguro zimbitse
ziri muri Qor'ani , narirya yamanuwe ari igitangaza mu kuntu yubatse, mu buryo burengeye kure n'iyo
ubushobozi bwa kiremwa-muntu. Uwoshaka rero kumenya ibirenzeko mu nsiguro zimbitse gusumba ziri
muri Qor'ani ntagatifu, twomuhanura ko yokwiga nantaryo icarabu yamanuwemwo, co soko ry'ubumenyi
bwayo.
Harakagira amahoro Intumwa z'Imana, ishimagizwa ni iry'Imana Allah, Umubungabunzi w'ibiremwa
vyose.
Urubuga ngurukanabumenyi rwagenewe Qor'ani ntagatifu (www.quranenc.com)
Urashobora guca ku buryo bwa (QR) ukoresheje kamera ya terefone yawe, kugira ushobore gusoma
insiguro ya Qor'ani ntagatifu mu rurimi rwawe rw'ikirundi
Turahimbawe rero n'ukwakirana urweze intererano hamwe n'ivyiyumviro vyanyu, mu ntumbero yo
gutyorora insiguro ya Qor'ani, mubicishije ahagenewe intererano n'ivyiyumviro, imbere ya Aayah, ku
rubuga ngurukanabumenyi rwagenewe Qor'ani ntagatifu (www.quranenc.com). Mu gihe woshaka kugira
ico udushikirije rero, urashobora guca kuri e-mail yacu: info@quranenc.com
Kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo
Qor'ani ntagatifu, ni iki?