Articles




intumwa y'ubwislamu


muhamadi (nyakugira


amahoro n'impuhwe


z'imana allah)





4


Kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa,


Nyenimbabazi ku batoni bayo..


INTUMWA Y'UBWISLAMU MUHAMADI (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah).


Iyi, ni incamake ku bijanye n'Intumwa y'ubwislamu Muhamadi*


(nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho nerekanamwo izina


ryiwe, inkomoko yiwe, igihugu yavukiyemwo, ukuntu yarongoye,


ubutumwa bwiwe, ico yaje kurarikira, ibitangaro vyerekana ivugishwamana


ryiwe, hamwe rero n'inyifato y'abamurwanya (ukuntu bigenjeje kuri we)1


1


 * Nitwararitse gukurikiranya amajambo abiri: Intumwa Muhamadi (Ijambo Intumwa


n'ijambo Muhamadi), kugira gusa nubahirize inyubako y'ivyanditswe.


5


1. IZINA, INKOMOKO N'IGIHUGU YAVUKIYEMWO AKANAKURIRAMWO


Intumwa y'ubwislamu, ni Muhamadi mwene Abdi Llaahi, Abdi Llaahi


mwene Abdu l-Muttwalib, Abdu l-Muttwalib mwene Haashimu, uyu


Haashimu na we akaba akomoka mu ruvyaro rwa Ismayili mwene Ibrahimu


(ba nyakugira amahoro y'Imana Allah).Ikomoka ryiwe kuri Ibrahimu rero, ni


uko Umuvugishwamana Ibrahimu


(nyakugira amahoro y'Imana Allah) yavuye muri Shaamu agana i Makka,


akaba yari kumwe n'umukenyezi wiwe Haajara hamwe n'umwana wiwe


Ismayili akiri uruyoya; araheza abacumbikira i Makka ku kwubahiriza


itegeko yahawe n'Imana Allah. Ismayili amaze kugera mu bigero akaba


umusore, Umuvugishwamana Ibrahimu (nyakugira amahoro y'Imana


Allah), yaragarutse i Makka, araheza yubaka Al-Ka'ba ari kumwe


n'umuhungu wiwe Ismayili (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah), maze


abantu baragwirirana mu micungararo ya Al-Ka'ba, Makka ica iba


ihurumbiro ry'abaza kwitonesha ku Mana Allah, Umubungabunzi


w'ibiremwa vyose, bakaza baje gushengerera ingoro yayo ntagatifu.


Abantu rero, barashishikaye kwiyegereza Imana Allah mu bikorwa vyabo


vyose banayisenga ari Imwe Rudende ata kuyibangikanya mu kiringo


c'ibinjana n'ibindi, bisunze ukwemera-ndemanwa kwa Ibrahimu (nyakugira


amahoro y'Imana Allah);


Mu nyuma y'aho rero, ni ho haba uguhusha inzira y'ukwemera Imana


Imwe Rudende Allah, gutyo ikigobe c'Abarabu gicika nk'ibindi bihugu vyo


kw'isi mu kwibonekezamwo ibigirwamana n'imigenzo ijana na vyo: nko


gusenga ibishusho (ibibazano),


uguhamba abana b'abakobwa babona (ari bazima), ukurenganya


abakenyezi, ukubesha, ukunywa inzoga, ugukora ivyaha


vy'agahomerabunwa, ukwihagira mu kurya amatungo y'impfuvyi, hamwe


6


rero n'ukurya inyungu izira (riba), n'ibindi.Muri ukwo kuntu abantu bari


babayeho i Makka, ni ho havuka Intumwa y'ubwislamu Muhamadi mwene


Abdi Llaahi, akomoka mu ruvyaro rwa Ismayili mwene Ibrahimu (ba


nyakugira amahoro y'Imana Allah), hari mu mwaka w'amajana atanu na


mirongo indwi na rimwe (571) kuva Intumwa Isa ivutse. Se wa Muhamadi


(nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yapfuye imbere y'ivuka


ryiwe; nyina na we apfa mu nyuma y'ivuka ryiwe haciye imyaka itandatu,


araheza arerwa na sewabo Abu Twaalibu, gutyo akura ari impfuvyi, akenye


ukuraho, abeshejweho no guca ingero..


7


2. UKWABIRANA N'UMUPFASONI YAHEZAGIWE.


Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah),


imaze gukwiza imyaka mirongo ibiri n'itanu, yahavuye irongora umupfasoni


mu bakenyezi b'i Makka, uwo na we akaba ari Khadija umukobwa wa


Khuwaylidi (Imana Allah Imwishimire), maze iraheza imuvyarako abana


b'abakobwa bane n'abahungu babiri; abahungu bakaba bapfuye bakiri


bato. Yabanye n'umuryango wayo mu mpuhwe no mu rukundo nta ngere,


ari na co gituma umukenyezi Khadija yakunda cane umugabo wiwe; ni


nk'uko nyene n'umugabo yakunda cane umukenyezi wiwe. Kandi ntiyigeze


yibagira namba urukundo yakunda umukenyezi wiwe n'inyuma y'aho


apfiriye imyaka n'iyindi; yahora abaga n'intungwa akayigaburira abagenzi


ba Khadija (Imana Allah Imwishimire), mu ntumbero yo kubaha iteka


n'icubahiro; ivyo bikaba vyamwibutsa ubugwaneza n'urukundo yakunda


Khadidja.


8


3. INTANGO Y'IHISHURIRWA


Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah),


yama na ntaryo irangwa n'ingeso nziza kuva ikiremwa n'Imana Allah;


abantu yabanye na bo, bose bayita Mvugakuri-Mwizigirwa (imvugakuri


y'umwizigirwa), yarifadikanya na bo mu bikorwa bihambaye, ikanka


ikankiriza ibikorwa vy'ibangikanyamana, maze ntiyifadikanye


n'ababangikanyamana mu bikorwa vyabo.Amaze rero gushikana imyaka


mirongo ine y'amavuko ari i Makka, Imana Allah Yaramuhisemwo kugira


abe Intumwa, maze umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah),


araza amuhishurira Aayah z'intango z'igisomwa co mu Gitabu ceranda


Qor'ani, na yo ni amajambo y'Imana Allah, avuga uku:





"Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, maze


utangure kw’izina ry’Imana yawe Allah Yaremye;)1(. Yaremye zina


kiremwa-muntu mu maraso avuze.)2( . Muvugishwamana! Soma ivyo


wahishuriwe muri Qor’ani, wizeye ko Imana yawe Rurema Allah ari Yo


Mugiraneza-ntangere;)3( . Yigishije ibiremwa kwandika n’ikaramu;


(4)). Yigishije kiremwa-muntu ivyo kitari kizi, Iraheza Igikura mu


muzimagiza w’ubujuju Igishira mu muco w’ubumenyi)5( ." (Al'Alaq: 1-


5).


.yahavuye rero aza ku mukenyezi wiwe Khadija (Imana Allah


Imwishimire) adegedwa, umutima usimbagurika, araheza aramwiganira


ivyamushikiye, Khadija na we aca aramuhumuriza (aramutururuza),


amujana kwa mwene sewabo, uyo mwene sewabo yitwa Waraqa mwene


9


Nawfali (yari umunaswara yasomye Tawurati n'Injili), maze Khadidja aca


amubwira ati: "Ewe mwene datawacu! Tega amatwi wumvirize ivyo


umuhungwanyu akubwira". Maze Waraqa na we aca avuga ati: "Ewe


muhungwanje! Ni ibiki wabonye?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah), ica imugira ku muriri, iramwiganira ido n'ido


inkuru y'ivyo yabonye. Waraqa araheza ayibwira ati:"Uwo wabonye, ni


umumalayika yahora arungikwa n'Imana Allah kwa Musa, ese ico gihe noba


nkiritera nkarisama, ese ico gihe noba nkiriho wirukanwe (ukomorwa)


n'abantu bawe!". Maze Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana


Allah), ica imubaza iti: "Aho nyene uvuga ko bazonyirukana


(bazonyomora)!"; na we aca ayishura ati: "Cane nyene! Nta mugabo


n'umwe yigeze arungikwa yibangikanije nk'ivyo warungikanwe, kiretse ko


yarwanywa n'abo yarungitsweko; mu gihe rero noba nkiriho, umusi


wirukanwe (womowe), nzokurwanako ukuri kwo kukurwanako


(nzogutabara nya kugutabara) ". 2


Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah),


ikiri i Makka, yabandanije ihishurirwa Qor'ani n'Imana Allah, maze


akururukirwa na Jibrili avuye ku Mana Rurema Allah, Umubungabunzi


w'ibiremwa vyose, amuzaniye ido n'ido y'ibijanye n'ubutumwa.Intumwa


Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarashishikaye


rero kurarikira abantu bayo yarungitsweko ko bokurikira ubwislamu, maze


na bo barayiyamiriza baranayirwanya, baraheza bayisaba ko yovavanura


n'ubutumwa bwayo, bagaheza bakayironsa amatungo n'ubwami. Ivyo


vyose yaravyanse, baca bayibwira nk'uko abo hambere yiwe, abaserukira


abandi mu bagarariji, babwiye Intumwa barungikiwe, ko iroga,


2


 * Yumvikanweko na Al-Bukhaariy na Muslimu. Yakiriwe na Aisha (Imana Allah


Imwishimire). Inyigisho iri mu gitabu "Swahiihi Al-Bukhaariy 1/7" ; "Swahiihi Muslimu


1/139".


10


irementanya ikaba n'umubeshi, barayibangamira ku buryo ibura


umwidegemvyo, bakayikubita, bagacura bufuni na buhoro n'abayikurikiye


bose.Hamwe n'ivyo vyose, Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah), yashishikaye irarikira abantu b'i Makka,


kwemera Imana Imwe Rudende Allah, igatumbera na canecane ahahurira


abantu benshi mu bihe vy'ishengerera ry'ingoro ntagatifu, no mu bihe


vy'irema ry'isoko rusangi rihuza Abarabu bose, igaheza rero ikabonana


n'abantu muri ivyo bihe, ibararikira ubwislamu. Ntabwo yigeze ibakundisha


ubwislamu mu kubaha ibihendamaso vy'isi canke ubutegetsi, ntiyigeze


ibahatira ku bwislamu ikoresheje umupanga, kira noneho nta n'ubutegetsi


yari ifise, eka ntiyari n'umwami. Ikiri mu ntango yo kurarikira abantu


ubwislamu, yarahize n'abatayemera ko bozana ibisa n'ivyo yabazaniye muri


Qor'ani ntagatifu, birabata ku w'amazi. Ni uko rero, yashishikaye ihiga


n'abayirwanya, gushika n'aho hemera bamwe mu ngendanyi zayo (Imana


Allah Izishimire zose).


Ikiri aho nyene i Makka, Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah), Imana Allah Yarayiteye iteka mu kuyikorera


igitangaro gihambaye, ico na co si ikindi, ni igitangaro c'urugendo rw'ijoro


(israa-i) ruyikura i Makka rukayishikana kuri Baytu l-Maqds (muri Palestina),


rwakurikiwe n'iduzwa ryayo mw'ijuru (mi'raaji). Ikindi kizwi, ni uko kandi


Imana Allah Yadugije mw'ijuru, Umuvugishwamana Ilyaasi na Masiihi


mwene Mariyamu (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah); nk'uko bivugwa


n'abislamu hamwe n'abanaswara.Umuvugishwamana Muhamadi


(nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), rero muri iryo duzwa ryo


mw'ijuru, yarahawe n'Imana Allah ibwirizwa ryo gusenga, rikaba ari ryo


sengesho, abislamu basenga gatanu ku musi. Mu gisagara ca Makka, na ho


nyene harabereye ikindi gitangaro gihambaye, na co kikaba ari isaduka


ry'ukwezi, abantu biboneye n'amaso ukuri kwamye.


11


Abagarariji b'Abakurayishi b'i Makka rero, barakoresheje uburyo bwose


bashoboye kugira bamubere intambamyi, bakoresha urwenge kugira


bamwankishe abantu, bamwigenzako mu kwama basavye ko yobereka


ibitangaro; baranafadikanije n'abayahudi kugira babaronse ivyemezo


vyobafasha mu kumuhaririza no mu kumubera intambamyi ntiyumvirwe


n'abantu.Igihe rero abagarariji b'Abakurayishi b'i Makka bashishikariye


gucinyiza ata guhesha abemeramana, Umuvugishwamana Muhamadi


(nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahavuye arekurira


abemeramana kwimukira muri Habasha (Etiyopiya y'ubu); maze ababwira


ati: "Mu vy'ukuri, aho Habasha mwumva, hatwara umwami w'intungane,


ku buryo ata muntu n'umwe arenganywa ageze iwe". Uwo mwami rero


akaba yari umunaswara. Ico gihe rero mu bemeramana, himutse imigwi


ibiri ija muri Habasha. Nya migwi imaze kugerayo, yarasiguriye umwami


yahatwara, akaba yitwa Al-Najaashiy, idini ryigishijwe


n'Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana


Allah), nya mwami aca arinjira mu bwislamu, maze aca avuga ati:


"Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah! Koko, iri dini rikomoka kuri ca gishirira


nyene idini rya Musa (nyakugira amahoro y'Imana Allah) ryakomokako".


Abo bimukira, ni bamwe mu bari baramwemeye mu mugwi w'abari baje


bavuye muri Madina, maze bamwemerera ko babaye abislamu n'uko


bazomutabara niyaramuka yimukiye i Madina (ico gihe hitwa Yathribu);


muri bo rero, abari babaye baragumye i Makka, Umuvugishwamana


Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahavuye


abarekurira kwimukira i Madina, baraheza barimukirayo, gutyo ubwislamu


burashwara i Madina kugeza n'aho ata nzu n'imwe


butashitsemwo.Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah) mu nyuma y'aho amariye imyaka cumi n'itatu i


Makka ararikira abantu kwemera Imana Imwe Rudende Allah, Imana Allah


Yahavuye imurekurira kwimukira i Madina, araheza yimukirayo, maze


12


ashishikara ishikirizabutumwa, amabwirizwa y'ubwislamu na yo abandanya


guhishurwa bukebuke, Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira


amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we atangura kurungika intumwa


ziwe irya n'ino ku bakuru b'amoko no ku bami batandukanye, kugira


zibararikire kwinjira mu bwislamu. Mu barungikiwe intumwa rero,


twovuga nka: umwami w'Abaromani, umwami w'Abafarisi (abantu bo muri


Irani), hamwe rero n'umwami wa Misiri (Egiputa).Mu gisagara ca Madina,


harigeze kuba ubwirakabiri, maze abantu batekerwa n'ubwoba; nya


bwirakabiri bwahuriranye n'umusi w'urupfu rwa Ibrahimu mwene


Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze abantu


baca bavuga bati: "Ubwirakabiri bwabaye kubera urupfu rwa Ibrahimu!".


Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca


abwira abari ng'aho ati:"Mu vy'ukuri izuba n'ukwezi, ntibishikirwa


n'ubwirakabiri ku mvo ziturutse ku rupfu rw'umuntu n'umwe canke ku


buzima bwiwe, ariko rero ubwirakabiri bw'izuba n'ukwezi, ni kimwe mu


vyerekana ubushobozi n'ububasha bw'Imana Allah, Iheza Igateza ubwoba


abaja bayo kugira bikebuke".Iyo rero Umuvugishwamana Muhamadi


(nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aba umubeshi, yari


kwihutira gutera ubwoba abantu mu gihe bomuhakana, maze akababwira


ati: "Ubwirakabiri bwabaye kubera urupfu rw'umwana wanje, abampakana


rero na bo nibimbe bigera".3


Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah) yarahawe ingeso n'imigenzo vyiza cane kandi


vy'akaroruhore, Imana Allah Yarayishimagije aho Ivuga Iti:





﴾ Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na


Qor’ani﴿ . (Al-Qalam: 4).


3


 Yashikirijwe na Muslimu.


13


Intumwa y'Imana rero yarangwa n'ingeso hamwe n'imigenzo myiza


cane; nko kuvuga ukuri, kugira izirikanabikorwa ritumbera gusa ku Mana


Allah, ubutwari ku rugamba, ubutungane buzira nkunzi, ubwizigirwa ku


bantu n'aho boba ari abansi bayo, ubugwaneza no gukunda guha


imperezwa aboro, abakene, abapfakazi hamwe rero n'abakeneye


ubufasha, kwitwararika kubarongora mu nzira igororotse, kubumvira


impuhwe hamwe no kwicisha bugufi kuri bo; vyarashika hakaza umuntu


arondera Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah),


agasanga iri kumwe n'ingendanyi zayo, maze akazibaza atazi ko iri kumwe


na zo, ati: "Mbega Muhamadi muri mwebwe, ni nde?".Ingeso n'imigenzo


vyayo rero, vyari igitangaza ku kuntu yabana neza n'abantu bose; yaba


umwansi n'umugenzi, uwahafi n'uwakure, umukuru na muto, umugabo


n'umugore, igikoko n'inyoni.


Imana Allah Imaze kumukwiriza idini rero, maze na yo igashikiriza


ubutumwa nk'uko bitegerezwa, yahavuye ipfa ifise imyaka y'amavuko


mirongo itandatu n'itatu, mirongo ine muri yo, yayimaze imbere yuko


ihabwa ubutumwa, mirongo ibiri n'itatu na yo, iyimara yaramaze guhabwa


ubuvugishwamana n'ubutumwa.Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah), yapfubanywe iteka mu gisagara ca Madina, nta


matungo canke ibisigi yasize, kiretse ikivyarwa cera c'indogobwe n'ifarasi


"baghla" yahora yiyunguruzako, hamwe n'itongo yari yaratanze imperezwa


ku bakehaniwe bari ku rugendo. 4


Intumwa y'Imana rero, yapfuye rero isiga


abantu benshi cane baramaze kwinjira mu bwislamu, barayemera


barayikurikira. Abajanye na yo mw'ishengerera rya nyuma ry'ingoro


ntagatifu, bararenga abantu ibihumbi ijana; iryo shengerera na ryo, rikaba


ryabaye imbere y'amezi yababa atatu, imbere yuko ipfa; iyi ikaba ari na yo


mpamvu yatumye idini ryayo ribungwabungwa rikanasasagara hose.


4


 Yashikirijwe na Al-Bukhaariy.


14


Ingendanyi zayo yareze ku ngeso n'imigenzo myiza y'ikislamu, zari intore


mu bandi, mu gutunganiriza abantu ata nkunzi, mu kwirengagiza ivy'isi, mu


kudatandukira utwa murundi, mu bwizigirwa no mu kwitanga ata


kwiziganya mu guharanira idini rihambaye zemeye.Uwari ahambaye cane


mu ngendanyi zayo (Imana Allah Izishimire) ufatiye ku kwemera; ku


bumenyi; ku kugendera ubwislamu; ku kurangwa n'izirikanabikorwa nya


ryo; ku kwemanga no gushigikira ukuri; ku kwitanga ata kwiziganya ; ku


butwari no ku bugwaneza, yari Abu Bakari Al-Swiddiiq, Umari mwene AlKhattwaab, Uthmaani mwene Al'Affaan, hamwe rero na Ali mwene Abu


Twaalib (Imana Allah Ibishimire bose). Abo rero, ni bo bantu bafashe iya


mbere mu kuyemera bakayishigikira, ni na bo bahavuye mu nyuma zayo


baba indongozi zaharaniye ko ibendera ry'ubwislamu riguma rihungabana,


ntibigeze barangwa na kimwe mu biranga ubuvugishwamana, nta n'ico


Intumwa y'Imana yabahariye gusumba izindi ngendanyi (Imana Allah


Izishimire).


Imana Allah Yarabungabunze Igitabu cayo Yamanuye hamwe n'inyigisho


n'imigenzo y'intumwa, ivyaranze kahise kayo mu majambo no mu migirwa.


Ivyo vyose rero, Imana Allah Yabibungabunze mu rurimi iyo Ntumwa nyene


yavuga, nta kahise - mu bihe vyose bizwi - kabungabunzwe, nk'uko kahise


k'iyo Ntumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)


kabungabunzwe, ku buryo habungabunzwe n'ukuntu yaryama, ukuntu


yafungura, ukuntu yanywa n'ukuntu yatwenga,hamwe rero n'ukungene


yabana n'umuryango wayo mu nzu!Ivyayishikiye vyose rero


vyarabungabunzwe, biranditswe mu mateka ya kahise kayo; yabayeho


nk'umuntu yarungitswe kuba Intumwa, ntiyigeze arangwa na kimwe mu


biranga ubushobozi n'ububasha bw'Imana Allah bwo kurema, nta na kimwe


yari ashoboye ku gatwe kiwe comugirira akamaro canke comugeramira.


15


4- UBUTUMWA BWIWE


Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)


yarungitswe n'Imana Allah mu nyuma y'aho hakwiragiriye mu mihingo y'isi


igararizamana, ibangikanyamana hamwe n'ubujuju bwo kutamenya Imana


Allah. Muri ico gihe rero, kw'isi yose nta muntu n'umwe yari ahari yasenga


Imana Imwe Rudende ata kuyibangikanya na kimwe mu biremwa, kiretse


abantu b'imparurwa mu bahawe Igitabu. Ni ho rero Imana Allah Yarungika


Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)


isozera Abavugishwamana n'Intumwa zose, Imurungikana uburongozi


n'idini ry'ukuri ku biremwa vyose (mu bantu no mu Majini), kugira nya dini


riganze ayandi madini yose, no kugira nya Ntumwa ikure abantu mu


muzimagiza w'ibangikanyamana n'uw'igararizamana n'ubujuju bwo


kutamenya Imana Allah, iheze ibaganishe ku muco w'ukwemera no


gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Ubutumwa yarungikanwe rero


bushimangira kandi busozera ubutumwa bw'Abavugishwamana bo ha


mbere yiwe (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah).


Yararikira abantu gukurikira ivyo Abavugishwamana n'Intumwa (za


nyakugira amahoro y'Imana Allah) nka Nuhu, Ibrahimu, Musa, Sulayimani,


Dawudi na Isa, bararikira; ko Imana Mubungabunzi w'ibiremwa vyose, ari


Allah, Rurema, Mubeshaho, Nyenugutangubuzima, Nyenukwakubuzima,


Nyeninganji; ko ari Yo Itunganya ivyankenerwa vyose ku biremwa,


Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo; n'uko ari Yo Rurema


Yaremye ikintu ico ari co cose kibaho mu vyo tubona no mu vyo tutabona;


n'uko ikintu cose atari Imana Allah, ari ikiremwa mu biremwa vyayo.Ni


nk'uko rero, yararikira kwiyegereza Imana Allah mu bikorwa vyose mu


gusengwa ari Imwe Rudende; yarongera ikararikira n'ivavanura ry'isengwa


ry'ikitari Yo, yarasiguye bikwiye ko Allah ari Imana Imwe Rudende


Itabangikanywa na kimwe mu gusengwa kwayo, mu bubasha bwayo


16


bw'inganji, mu bushobozi bwayo bw'irema n'ubwo gutunganiriza


ibiremwa. Yaranasiguye bikwiye ko Imana Allah Nyenukuninahazwa


Itavyaye, kandi ko Itavyawe, n'uko Itagira na kimwe bisa canke bisusa, n'uko


Itigera Yigira kimwe mu bigize ikiremwa canke ngo Yihindure


ikiremwa.Yarararikiye abantu kwemera Ibitabu vyamanuwe n'Imana Allah;


nk'imizingo ya Ibrahimu n'iya Musa (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah),


Tawurati, Zaburi hamwe n'Injili. Ni nk'uko kandi yararikiye kwemera


Intumwa zose (za nyakugira amahoro y'Imana Allah), iraheza yigisha ko


uwuhakanye n'umwe mu Bavugishwamana, afatwa ko aba ahakanye bose.


Yaranashikirije abantu inkuru nziza ihumuriza yo kugirirwa impuhwe


n'Imana Allah; n'uko Imana Allah ari Yo Ibabeshaho kw'isi, Ikaba


n'Umubungabunzi wabo, Nyenimbabazi ku batoni bayo; n'uko ari Yo gusa


Izoharurira ibiremwa ku musi w'izuka kugira Ibihembere ivyo vyakoze igihe


vyasokorotse vyose mu mva; n'uko ari Yo gusa Izohembera abemeramana


ku bikorwa vyabo vyiza bakoze, maze iciza kimwe kigwizwe incuro cumi;


ikibi kimwe na co gihanirwe igihano kimwe nyene, baheze babeho mu


nema zamaho mu buzima bw'inyuma yo gupfa. Yaranashikirije ko


uwugararije maze agakora ibibi (ibibujijwe), azobihemberwa kw'isi no mu


buzima bw'inyuma yo gupfa.Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah), mu butumwa yashikiriza rero, ntiyigeze ashira


imbere ineza y'ubwoko bwiwe, eka ntiyanashize imbere ineza y'igihugu


ciwe canke ngo we nyene yishire imbere, ahubwo mbere usanga muri


Qor'ani ntagatifu haravuzwe kenshi amazina y'Abavugishwamana nka


Nuhu, Ibrahimu, Musa na Isa (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah),


gusumba uko izina ryiwe ryavuzwe. Nta ho uzosanga muri Qor'ani ntagatifu


havugwamwo izina rya nyina, canke amazina y'abakenyezi biwe, mu gihe


muri yo usanga haravuzwemwo akatari gake izina rya nyina wa Musa,


havugwamwo n'izina rya Mariyamu (nyakugira amahoro y'Imana Allah)


incuro mirongo itatu na zitanu.


17


Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah),


yarakingiwe gukora ibintu biciye kubiri n'amabwirizwa canke ubwenge


n'imigenzo-ndemanwa; kuko Abavugishwamana (ba nyakugira amahoro


y'Imana Allah) bose, barakingiwe mu kudaca kubiri n'ivyo bashikiriza bivuye


ku Mana Allah; kuko bashinzwe gushikiriza ibiremwa amabwirizwa y'Imana


Allah. Hamwe n'ivyo rero, Abavugishwamana nta co biharije (ugereranije


n'ibindi biremwa) ngo barangwe na kimwe mu bintu biranga Imana Allah


mu bushobozi n'ububasha bwayo bwo kurema no kubeshaho ibiremwa,


canke mu biyiranga mu bumana bwayo bwo gusengwa, ahubwo bo, ni


ibiremwa nk'ibindi, Imana Allah Ihishurira Ikabirungikana ubutumwa


bwayo ku bantu.Mu vyemezo bihambaye vyerekana ko ubutumwa


bw'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ari


ubwo yahishuriwe n'Imana Allah, ni uko kugera kuri uno musi, nya


butumwa bukiri nk'uko bwari bumeze akiriho, kandi bukurikirwa


n'abislamu barenga umuriyaridi (ibihumbi n'ibihumbagaza), abo bose


baragendera bakubahiriza amabwirizwa ya nya butumwa; nko gusenga,


gutanga ishikanwa-bwirizwa, gupfunga, gushengerera ingoro ntagatifu,


n'ibindi n'ibindi; ivyo vyose bakavyubahiriza ata co bahinduyeko canke ngo


bagire ico bahinyanyuye.


18


5. IBITANGARO N'IBINDI BIMENYETSO VYEMEZA UBUTUMWA


BWIWE.


Imana Allah Ishigikiza Abavugishwamana bayo ibitangaro vyemeza


ubutumwa bwabo, maze Ikabaha ivyemezo bigaragaza ko ubutumwa


bwabo ari ubw'ukuri. Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarahaye


Umuvugishwamana uwo ari we wese mu bitangaro, ibituma bikwiye kuba


abantu bobemera. Biri mu bitangaro bihambaye vyahawe


Abavugishwamana, ibitangaro vyahawe Intumwa Muhamadi (nyakugira


amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), Imana Allah Yamuhaye Qor'ani


ntagatifu, kikaba ari co gitangaro kizokwamaho mu bitangaro vyahawe


Abavugishwamana gushika ku musi w'iherezo. Yaranahaye ibindi bitangaro


vyinshi bihambaye, Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe


z'Imana Allah), muri ivyo twovuga ibi kurikira:1. Urugendo rw'ijoro (al-israai) n'iduzwa mw'ijuru (mi'raaji); gusaba imvura igaca ikuba ikagwa; ivyo


bikaba vyabaye akatari gake, igihe cose abantu baza kumwitura bamusaba


ko yobasabira imvura mu gihe yaba yataze;2. Igwirizwa ry'imfungurwa


n'amazi bigaheza bikagwira mu gihe vyaba vyakeshe, maze bakanywa


bagafungura bagahaga ari isinzi ry'abantu (bikanasigara);3. Ishikiriza ido


n'ido ry'inkuru z'ivyabaye muri kahise kuko Imana Allah Yayimwiganiye,


maze akayishikiriza mu buryo ata wundi yari bwayishikirize ata n'uwari


ayizi. Aha twovuga, nk'amateka y'ivyashikiye Abavugishwamana (ba


nyakugira amahoro y'Imana Allah) hamwe n'abantu babo barungitsweko,


hamwe rero n'ivyashikiye ba nyenisenga (asw- haabu l-kahf);4. Ishikiriza ido


n'ido ry'inkuru y'ibinyegejwe bizoshika muri kazoza, akabishikiriza mu


buryo ata wundi yigeze abishikiriza kibure ngo abimenye; maze bikazoshika


nka kurya nyene yabishikirije abihishuriwe n'Imana Allah. Aha twovuga,


nk'inkuru y'umuriro uzokwiyadukiza uturutse mu karere k'ibihugu vyo mu


Kigobe c'Abarabu (Al-hijaazi), maze abari muri Shaamu bakazowubona


ukuri kwamye; hamwe rero no kuzorusharushanwa kw'abantu mu


19


kwubaka inzu-ngerekeranywa;5. Ugukingirwa n'Imana Allah ihohotera


ry'abantu;6.Ukwibonekeza kw'ivyo yasezeraniye ingendanyi ziwe; nko


kuzibwira ati:"Ni ukuri, muzokwigarurira ibihugu vy'Abaromani


n'ivy'Abafarisi; kandi ni ukuri amatungo y'ivyo bihugu, azoheza akoreshwe


mu nzira yo guharanira idini ry'Imana Allah".7 Uguterwa inkunga n'Imana


Allah mu kurungikirwa abamalayika;8. Inkuru nziza y'umuzo


w'Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana


Allah), inkuru yashikirijwe n'Abavugishwamana (ba nyakugira amahoro


y'Imana Allah) ku bantu barungitsweko; mu bashikirije abo barungitsweko


inkuru y'umuzo wiwe, ni Intumwa Musa, Dawudi, Sulayimani na Isa mwene


Mariyamu (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah), n'abandi


Bavugishwamana barungitswe kuri Bene Israyeli.Hari rero n'ibindi vyemezo


bishingiye ku bwenge no ku vyo Imana Allah Yaciriyeko agace abantu*,


abafise ubwenge-ndemanwa baheza bakavyisunga.5


Ibi bitangaro rero


hamwe n'ivyemezo bishingiye ku bwenge no ku vyo Imana Allah Yaciriyeko


agace abantu, tubisanga muri Qor'ani ntagatifu no mu nyigisho n'imigenzo


vy'intumwa, bivugwa henshi ku buryo ata wobidondagura ng'aha.


Uwoshaka kubimenya rero, arashobora kubisanga muri Qor'ani ntagatifu


no mu bitabu vy'inyigisho n'imigenzo vy'intumwa, hamwe rero no mu


mateka ya kahise k'intumwa, aho azosangamwo kuri ivyo vyose, inkuru


y'ukuri izira amakenga.Ibi bitangaro n'ivyemezo bihambaye rero, iyo


5


 * Akarorero, ni nk'ijambo ry'Imana Allah aho Ivuga Iti: ﴾Emwe bantu! Mwaraciriwe


agace, nimutege amatwi rero mukumvirize mwongere mukazirikane. Mu vy’ukuri,


ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibizopfa bishoboye kurema n’isazi


imwe gusa n’aho vyogira urunani, nkeswe rero kurema igisumba isazi! No mu gihe isazi


yogira ico yihagiye mu kununuza kimwe mu vyatanzweko ikimazi ku bigirwamana, nya


bigirwamana ntivyoshobora kuyaka ico yihagiye. Ibigirwamana rero, nta na kimwe


bishoboye kuko ata bubasha bwo kurema bifise, eka ntibinafise n’ububasha bwo guhabuza


ivyo isazi yihagiye, bitayeko n’isazi ubwayo nyene nta co ishoboye ﴿(Al-Hajji: 73).


20


bidashika ngo bibe, abarwanya Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah) mu bagarariji b'Abakorayishi, mu bayahudi no


mu banaswara baba mu Kigobe c'Abarabu, bari kuronkeraho akaryo ko


kuyibeshuza (kuyirwanya bivuye inyuma) no kwihaniza abantu ko


boyemera.


Qor'ani ntagatifu, ni co Gitabu Imana Allah Yahishuriye Intumwa


Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ni n'amajambo


y'Imana Allah, Yo Mubungabunzi w'ibiremwa vyose, Imana Allah Yarahize


n'abantu hamwe n'Amajini, Ibasaba ko bozana amajambo asa na yo, canke


bazane igisomwa kimwe gisa na yo, birabata ku w'amazi. Kandi rero, ukwo


guhiga n'Imana hamwe n'uko ata n'uwubishoboye mu biremwa,


birabandanya gushika kuri uno musi. Qor'ani ntagatifu kandi, irishura ku


bibazo vyinshi bihambaye, vyatumye amamiriyoni y'abantu atangara, kandi


rero gushika kuri uno musi, irabungabunzwe ikaba ikiri mu rurimi


rw'icarabu yamanuwemwo, nta n'urudome na rumwe rurakurwamwo,


iranditswe kandi ikwiragiye hose mu makungu, ikaba ari Igitabu gihambaye


c'igitangaza caje ku bantu, gikwiye gusomwa (mu carabu) canke kigasomwa


gisiguwe mu zindi ndimi, uwubuze amahirwe no kumenya ibirimwo no


kucemera, aba abuze amahirwe y'ivyiza vyose bibaho.Kukaba nkako,


inyigisho n'imigenzo vy'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah), uburongozi bwiwe n'amateka ya kahise kiwe, na


vyo nyene birabungabunzwe, vyanditswe mu buryo bwo guhererekana


hagati y'abavyakiriye bizigiwe, vyanditswe mu rurimi rw'icarabu rwavugwa


n'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah),


nk'aho womenga turacari kumwe na we, biranasiguwe mu zindi ndimi


nyinshi. Qor'ani ntagatifu hamwe n'inyigisho n'imigenzo vy'intumwa rero,


ni yo mabwirizwa yisungwa mu gushinga amategeko y'ubwislamu.


21


6. AMABWIRIZWA INTUMWA MUHAMADI (NYAKUGIRA AMAHORO


N'IMPUHWE Z'IMANA ALLAH) YAJE YIBANGIKANIJE:


Amabwirizwa Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe


z'Imana Allah) yaje yibangikanije, ni yo mabwirizwa y'ubwislamu, akaba ari


na yo mabwirizwa yahetuye ayandi mabwirizwa n'ubutumwa bivuye ku


Mana Allah. Ayo mabwirizwa rero mu kuntu yubatswe, ntavuguruzanya


n'amabwirizwa yahawe Abavugishwamana bo ha mbere yiwe, n'aho


ushobora gusanga hari ubudasa mu kuntu ashirwa mu ngiro.


Nya mabwirizwa rero aratunganye, ashobora no gukoreshwa mu bihe


vyose n'aho ari ho hose. Harimwo ivyotunganiriza abantu idini ryabo


n'ubuzima bwabo bwo kw'isi, hakabamwo n'ibitegetswe vyose ku bantu


mu kwiyegereza Imana Allah, Yo Mubungabunzi w'ibiremwa vyose; nko


gusenga, gutanga ishikanwa-bwirizwa; harimwo n'ibikenewe vyo mu


mirimo ya misiyose mu vyerekeye itunganywa ry'amatungo, igwizatunga,


n'ibijanye n'ikibano, itunganywa ry'ubutegetsi, ibijanye n'indwano


n'ibungabungwa ry'ibidukikije; ibirekuwe n'ibizira, n'ibindi mu bintu


vyankenerwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa.


Nya mabwirizwa kandi, arabungabungira abantu idini ryabo, amaraso


yabo, ivyubahiro vy'imiryango yabo, amatungo yabo, amagara meza yo mu


mutwe, hamwe rero n'uruvyaro rwabo; ahurikiyemwo kandi ivyiza vyose


vy'ubugwaneza, akanamirira kure ibibi n'ububegito aho bizanana hose;


ararikira abantu kwubahiriza agateka n'icubahiro c'umuntu, gukora


ibiringaniye no gutunganiriza abandi, kurangwa n'izirikanamana, isuku


n'itunganywa neza ry'ibikorwa no gutsimbataza urukundo mu bantu,


kwipfuriza ineza abandi, kudasesa amaraso, kubungabunga amahoro


n'umutekano vy'ibihugu, kudaca ivutu abantu no kutabatera ubwoba ata


kuri bishingiyeko. Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe


22


z'Imana Allah), yararwanya yivuye inyuma, ukwihambaza ku bandi no


kugenzwa n'ubwononyi iyo buva bukagera n'uko buri kwose, akarwanya


ibintazi, ikumira no kwihebera idini mu kutitwararika ubuzima.


Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah),


yaratomoye ko Imana Allah Yahesheje icubahiro zina kiremwa-muntu, yaba


umugabo canke umugore, Iraheza Ikigenera agateka gakwiye


kwubahirizwa, Igira umuntu wese kuba ari we akwiye kubazwa ku vyo


yihitiyemwo, ku bikorwa vyiwe no ku kintu ico ari co cose agizemwo


uruhara, gutyo akabazwa ku nkurikizi y'igikorwa ico ari co cose akoze maze


kikamugirira we canke abandi ingaruka mbi. Imana Allah Yagize umugabo


n'umugore kuba bangana mu kwemera kwabo, mu kubazwa umwe wese


ku co yaragijwe, no mu guhabwa indishi n'impera ku vyo bakoze. Mu


mabwirizwa y'ubwislamu kandi, haritwararikwa umukenyezi mu


kwerekana akamaro kiwe mu gihe ari we nyina w'abana, inarugo mu


muryango, umukobwa mu bana, na mushiki w'umuntu mu kibano.


Amabwirizwa Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe


z'Imana Allah) yazanye, yaje kugira abungabunge yongere akingire


ubwenge, gutyo haziririzwa kirya cose kiza kiyovya kikonona ubwenge; nko


kunywa inzoga. Ubwislamu rero, ni idini rimurikira ubwenge inzira yotuma


umuntu akora ivyomwegereza ku Mana yiwe Rurema Allah, akabikora azi


neza kandi atahura ivyo akora. Amabwirizwa y'ubwislamu rero, yarahaye


ubwenge icubahiro n'uburemere budasanzwe mu kubugira ishingiro ryo


guhabwa amabwirizwa, araheza abubohora amapingu y'ukwemera ibintazi


n'ibangikanyamana, bibuzingamika.


Amabwirizwa y'ubwislamu kandi arubaha akubahiriza ubumenyi nya


bwo, agahimiriza kugira ubushakashatsi mu ntumbero yo kumenya ukuri


kutagira aho kwegamiye (ata gutwarwa n'ibishobisho), akararikira abantu


kwihweza no kwiyumvira ku bijanye n'iremwa ry'ibiremwa n'isi birimwo.


23


Burya rero, ivyo ubushakashatsi nya bwo bushitseko, ntibica kubiri


n'amabwirizwa yazanwe n'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah).


Mu mabwirizwa y'ubwislamu rero, nta vangura ryemewe kuba hagati


y'umugwi n'uwundi mu bantu, nta n'agateka kubahirizwa ku mugwi


w'abantu hacinyijwe ak'uw'undi, ahubwo abantu bose barangana imbere


y'amabwirizwa yabwo kuko bose bangana ufatiye ku nkomoko yabo; nta


bwoko bwohabwa icubahiro kirengeye ic'ubundi, nta n'umugwi wohabwa


icubahiro kirengeye ic'uwundi, kiretse ko bosumbana mu cubahiro


hisunzwe igamburukiramana. Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah), yarashikirije ko umwana wese avutse avukana


ukwemera-ndemanwa, n'uko ata muntu n'umwe mu bantu avukana


igicumuro canke ngo atorane igicumuro c'uwundi.


Mu mabwirizwa y'ubwislamu, Imana Allah Yarashizeho ukwigaya. Na


kwo kukaba ari umuntu kugaruka ku Mana yiwe Rurema Allah, maze


akigaya mu kuvavanura n'icaha. Ubwislamu rero, buhanagura ibicumuro


vyose umuntu yakoze imbere yuko aba umwislamu, ni na co gituma


ukwigaya nya kwigaya guhanagura ivyaha vyakozwe imbere y'ukwigaya,


kandi ntibinakenewe ko umuntu arinda kwemanga icaha imbere y'abantu,


kuko mu bwislamu umuntu wese arishikira ku Mana Allah atarinze


gukenera umuserukizi (umuhuza) amushikira kuri Yo, ubwislamu


buratubuza kugira abantu imana canke abafasha b'Imana Allah mu kubaha


ubushobozi n'ububasha bwayo bwo kurema canke ubumana bwayo.


Amabwirizwa Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe


z'Imana Allah) yazanye, yasubiriye amabwirizwa yo ha mbere yiwe yose,


kuko amabwirizwa yazanwe n'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro


n'impuhwe z'Imana Allah) yavuye ku Mana Allah, ni yo yasozereye ayandi


mabwirizwa yose gushika ku musi w'umuhero w'isi, kandi yega abantu bose


24


hamwe n'Amajini, ari na co gituma yasubiriye amabwirizwa yo ha mbere


yayo. Kukaba nkako, n'amabwirizwa yo ha mbere yayo yagiye


arasubiriranira yo kuri yo. Imana Allah Nyenukuninahazwa, ntiyemera ko


hari ibwirizwa na rimwe ryokwubahirizwa na, kiretse amabwirizwa


y'ubwislamu; Bitayeko, ntinakira idini na rimwe kiretse idini ry'ubwislamu


Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaje


izanye. Uwoshaka rero kumenya ido n'ido ivyerekeye ingingo


z'amabwirizwa y'ubwislamu, arashobora gusoma ibitabu vyemewe vyigisha


ubwislamu.Mu vy'ukuri, ihangiro ry'amabwirizwa y'ubwislamu - nk'uko biri


mu mabwirizwa yo ha mbere yayo - ni uko idini ry'ukuri ryoshikana umuntu


kuba umuja yitonesha ku Mana Allah, Umubungabunzi w'ibiremwa vyose,


gutyo rikamubohora, rikamukura mu buja bw'abantu, canke bw'ibintu


n'ubw'ibintazi.Mu vy'ukuri amabwirizwa y'ubwislamu, arashobora


kwubahirizwa mu bihe vyose, aho ari ho hose kw'isi, nta kiri muri yo giciye


kubiri n'ibintu vyankenerwa ku neza ya kiremwa-muntu, kuko yashinzwe


n'Imana Allah Izi ibikenewe n'abantu mu buzima bwabo. Abantu na bo


nyene rero, barakeneye amabwirizwa atomoye, atavuguruzanya,


yubahiriza akongera akubahirizwa n'abantu bose, ahubwo mbere nya


mabwirizwa akaba ava ku Mana Allah mu ntumbero yo kurongora abantu


mu nzira y'ivyiza n'ubugororotsi. Iyo rero bayubahirije bakayisunga mu


gutunganya ivyabo, baraheza bakagororokerwa, bakanatekanirwa mu


kutarenganyana hagati yabo.


25


7. INYIFATO Y'ABAMURWANYA N'INTAHE BAMUSHINGIYE.


Nta nkeka rero ko Umuvugishwamana wese yari afise abansi barwanya


irarikiramana ryiwe, bakanaburagiza abantu kwemera idini ryiwe. Intumwa


Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), na we nyene


yari afise abansi benshi bamurwanyije akiriho, no mu nyuma yo gupfa


kwiwe. Kuri abo bose rero, Imana Allah Yaramutabaye maze arabanesha.


Hari benshi mu bamurwanya, bashinze intahe muri kahise no muri kubu, ko


ari Umuvugishwamana vy'ukuri; n'uko yaje yibangikanije amabwirizwa


nk'arya Abavugishwamana bo ha mbere yiwe (ba nyakugira amahoro


y'Imana Allah) baje bibangikanije. Ni nk'uko na bo nyene, bari bazi neza ko


ari mu kuri, ariko ko abenshi muri bo batamwemera ku mvo z'ibintu vyinshi;


nko gukunda ubutegetsi, canke gutinya kunebagurwa mu kibano, canke


kwanka kubura amatungo begeranya bayakuye mu butegetsi barimwo.


Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Mubungabunzi w'ibiremwa vyose.


Canditswe n'umwigisha Dogiteri Muhamadi mwene Abdallaah ALSUHAYM


Yigeze kuba umwigisha w'ivyigwa vy'imyemerere mu gisata c'ivyigwa


vy'ubwislamu,


mu gisata c'inyigisho n'indero, muri Kaminuza yitiriwe Umwami Suudi;


i Riyaadhi, Igihugu c'Intwaro ya cami ya Bene Al-Sa'uud.


26


Ibirimo


INTUMWA Y'UBWISLAMU MUHAMADI (NYAKUGIRA AMAHORO


N'IMPUHWE Z'IMANA ALLAH)............................................................................ 2


INTUMWA Y'UBWISLAMU MUHAMADI (NYAKUGIRA AMAHORO N'IMPUHWE Z'IMANA


ALLAH)........................................................................................................................ 4


1. IZINA, INKOMOKO N'IGIHUGU YAVUKIYEMWO AKANAKURIRAMWO ...................... 5


2. UKWABIRANA N'UMUPFASONI YAHEZAGIWE......................................................... 7


3. INTANGO Y'IHISHURIRWA ....................................................................................... 8


4- UBUTUMWA BWIWE............................................................................................. 15


5. IBITANGARO N'IBINDI BIMENYETSO VYEMEZA UBUTUMWA BWIWE. .................... 18


6. AMABWIRIZWA INTUMWA MUHAMADI (NYAKUGIRA AMAHORO N'IMPUHWE


Z'IMANA ALLAH) YAJE YIBANGIKANIJE:...................................................................... 21


7. INYIFATO Y'ABAMURWANYA N'INTAHE BAMUSHINGIYE. ...................................... 25


27



Recent Posts

Islaamu ni ẹsin Oluwa ...

Islaamu ni ẹsin Oluwa gbogbo agbaye

intumwa y'ubwislamu m ...

intumwa y'ubwislamu muhamadi